Mw’itangazo Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, Prosper Dodiko yatanze itariki 8 Ruheshi, yavuze ko igihugu caronse umusesekara mu mwimbu w’ibigori.
Mu kiganiro cabaye itariki 8 Ruheshi 2024 mu ntumbero yo kurimbura uko umwaka w’uburimyi wa 2024 wagenze, Prosper Dodiko, Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, yavuze ati:
«Umwaka w’uburimyi wa 2024, twarimye mwo cane cane ibigori, waranzwe n’imvura ikwiye, ugukurikiranira hafi abarimyi bishemeye n’utwigoro dukomeye two mu bushikiranganji mu kwitwararika gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna, imbuto hamwe n’ibikoresho bijanye n’uburimyi. Muribuka ko mu mwaka uheze w’uburimyi, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yarazanye imbuto n’indege vyari bitegekanijwe ko ziza n’ubwato. Ikindi twarabonye ko abakozi ba Leta n’abanyamitahe bigenga nabo nyene baragize uruhara mu gushinga ibigo vy’icitegererezo. Utwo twigoro twose tugiye hamwe vyatumye haba ukwongerekana k’umwimbu, urengeye uwo twari twiteze. Leta, ibonye uwo mwimbu w’umusesekara, yaciye ishinga igiciro kugirango ikingire abarimyi n’aborozi. Gurtyo, igiciro c’ibigori ku mafaranga 1700 ku kiro, ku bwa ANAGESSA.»
Mu gihe co kwigina imyaka ine amaze ku butegetsi, ibirori bikaba vyabereye i Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, itariki 23 ruheshi 2024, Umukuru w’Igihugu nawe nyene yaragarutse k’umwimbu ushimishije muri uyu mwaka.
Ukurimbura uko umusesekara mu mwimbu ungana: Uburyo bukoreshwa n’ibitigiri vyizewe mu Burundi
Dufatiye kuri AgEcon Search, kinyamakuru co ku rwego rw’isi yose, gisohora amakuru ajanye n’ubuhinga bujanye ubutunzi bufatiye ku burimyi, de surplus ayo majambo ” umusesekara mu burimyi” asigura umusesekara mu mwimbu tugereranije n’ibintu vya nkenerwa mu buzima bw’abanyagihugu.
Ishule ry’Uburimyi ryo mu bufaransa (AAF) rikoresha uburyo bwo guharura Umusesekara w’Umwimbu wose hamwe (SPG) kugira barimbure uwo musesekara. Ubwo buryo butuma guharura uko ibitigiri vy’umwimbu bihinduka hafatiwe ku biciro vy’umwaka w’icitegererezo.
Inyuma y’ubushakashatsi bwimbitse kugira batore uburyo bwo guharura bwakoreshejwe n’Ubushikiranganji bw’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, no ku mvo ko ata biharuro vyo kwizerwa vyafatiweko, Burundi facts ntishobora kwemeza ko vy’ukuri hariho “umusesekara mu mwimbu w’ibigori” mu Burundi.
Amakenga ku bujanye n’umwimbu w’umusesekara mu Burundi : Aho PARCEM n’ingingo za Leta
K’ubwo ishirahamwe “Rikangurira Abarundi guhinduka no guhindura ingendo ” (PARCEM), Diregiteri k’urwego rw’igihugu Faustin Ndikumana aremeza ko bigoye kuvuga ibijanye n’umusesekara mu mwimbu: « No ku vyerekeye ibiharuro, biragoye guharura neza ata kwihenda ibifungurwa bikenewe ku barundi hamwe n’urugero rw’umwimbu wabonetse. Ku bijanye n’umwimbu w’ibigori uheruka, nta biharuro biriho vyogereranywa vyotuma hemezwa ko habaye umusesekara. Vyongeye, uyo mwimbu nturashikanwa mu cegeranyo c’ubutunzi. »
Mu nama yabaye itariki 5 Ruheshi 2024 ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi yerekeye gutegura umwaka w’uburimyi C, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yarabujije Ikigo c’igihugu kijejwe gutororokanya umwimbu no kuwushingura (ANAGESSA) gutanga uruhusha rwo kugura ibiro amajana atanu (500 kg) k’umurimyi, ashimangira ko bitoshoboka ko umurimyi yorenza urwo rugero rw’umwimbu.
Mu kwezi kwa Ndamukiza, mu ntara ya Ruyigi, Buramatari yarabujije abarimyi bafise imirima muri Tanzaniya kuzana umwimbu wabo ku mvo z’ibiciro biri hasi cane muri Tanzaniya tugereranije n’ivyo i Burundi. Ivyo rero birateye amakenga, kuko nimba umusesekara uriho, ibiciro vyacu vyobaye bizimbutse cane mu karere.
Ugusozera
Itangazo ry’Umushikiranganji ryemeza ko « Uburundi bwaronse umusesekara mu mwimbu w’ibigori » nta shingiro rifise dufatiye ku mvo nyinshi:
- Ukudahuza mu mvugo z’abategetsi mu bijanye n’umwimbu w’ibigori.
- Ukubura kw’ibiharuro bitomoye vyerekana uyo musesekara mu mwimbu w’ibigori.
- Ukuterekana uburyo bwakoreshejwe mu guharura umusesekara w’umwimbu.