Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Sunday, 1 March 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Uburundi bwararonse umusesekara mu mwimbu w’ibigori mu mwaka w’uburimyi uheze?

    Uburundi bwararonse umusesekara mu mwimbu w’ibigori mu mwaka w’uburimyi uheze?

    0
    By Burundi Facts on 10 July 2024 Amakuru Yacu, poritike
    Burundi Facts
    Credit image Burundi Eco
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mw’itangazo Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, Prosper Dodiko yatanze itariki 8 Ruheshi, yavuze ko igihugu caronse umusesekara mu mwimbu w’ibigori.

    Mu kiganiro cabaye itariki 8 Ruheshi 2024 mu ntumbero yo kurimbura uko umwaka w’uburimyi wa 2024 wagenze, Prosper Dodiko, Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, yavuze ati:

    «Umwaka w’uburimyi wa 2024, twarimye mwo cane cane ibigori, waranzwe n’imvura ikwiye, ugukurikiranira hafi abarimyi bishemeye n’utwigoro dukomeye two mu bushikiranganji mu kwitwararika gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna, imbuto hamwe n’ibikoresho bijanye n’uburimyi. Muribuka ko mu mwaka uheze w’uburimyi, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yarazanye imbuto n’indege vyari bitegekanijwe ko ziza n’ubwato. Ikindi twarabonye ko abakozi ba Leta n’abanyamitahe bigenga nabo nyene baragize uruhara mu gushinga ibigo vy’icitegererezo. Utwo twigoro twose tugiye hamwe  vyatumye haba ukwongerekana k’umwimbu, urengeye uwo twari twiteze. Leta, ibonye uwo mwimbu w’umusesekara, yaciye ishinga igiciro kugirango ikingire abarimyi n’aborozi. Gurtyo, igiciro c’ibigori ku mafaranga 1700 ku kiro, ku bwa ANAGESSA.»

    Mu gihe co kwigina imyaka ine amaze ku butegetsi, ibirori bikaba vyabereye i Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, itariki 23 ruheshi 2024, Umukuru w’Igihugu nawe nyene yaragarutse k’umwimbu ushimishije muri uyu mwaka.

    Ukurimbura uko umusesekara mu mwimbu ungana: Uburyo bukoreshwa n’ibitigiri vyizewe mu Burundi

    Dufatiye kuri AgEcon Search, kinyamakuru co ku rwego rw’isi yose, gisohora amakuru ajanye n’ubuhinga bujanye ubutunzi bufatiye ku burimyi, de surplus ayo majambo ” umusesekara mu burimyi” asigura umusesekara mu mwimbu tugereranije n’ibintu vya nkenerwa mu buzima bw’abanyagihugu.

    Ishule ry’Uburimyi ryo mu bufaransa (AAF) rikoresha uburyo bwo guharura Umusesekara w’Umwimbu wose hamwe (SPG) kugira barimbure uwo musesekara. Ubwo buryo butuma guharura uko ibitigiri vy’umwimbu bihinduka hafatiwe  ku biciro vy’umwaka w’icitegererezo.

    Inyuma y’ubushakashatsi bwimbitse kugira batore uburyo bwo guharura bwakoreshejwe n’Ubushikiranganji bw’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, no ku mvo ko ata biharuro vyo kwizerwa vyafatiweko, Burundi facts ntishobora kwemeza ko vy’ukuri hariho  “umusesekara mu mwimbu w’ibigori” mu Burundi.

     

    Amakenga ku bujanye n’umwimbu w’umusesekara mu Burundi : Aho PARCEM n’ingingo za Leta

    K’ubwo ishirahamwe “Rikangurira Abarundi guhinduka no guhindura ingendo ” (PARCEM), Diregiteri k’urwego rw’igihugu Faustin Ndikumana aremeza ko bigoye kuvuga ibijanye n’umusesekara mu mwimbu: « No ku vyerekeye ibiharuro, biragoye guharura neza ata kwihenda ibifungurwa bikenewe ku barundi hamwe n’urugero rw’umwimbu wabonetse. Ku bijanye n’umwimbu w’ibigori uheruka, nta biharuro biriho vyogereranywa vyotuma hemezwa ko habaye umusesekara. Vyongeye, uyo mwimbu nturashikanwa mu cegeranyo c’ubutunzi. »

    Mu nama yabaye itariki 5 Ruheshi 2024 ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi yerekeye gutegura umwaka w’uburimyi C, Umushikiranganji wa mbere  Gervais Ndirakobuca yarabujije Ikigo c’igihugu kijejwe gutororokanya umwimbu no kuwushingura (ANAGESSA) gutanga uruhusha rwo kugura ibiro amajana atanu (500 kg) k’umurimyi, ashimangira ko bitoshoboka ko umurimyi yorenza urwo rugero rw’umwimbu.

    Mu kwezi kwa Ndamukiza, mu ntara ya Ruyigi, Buramatari yarabujije abarimyi bafise imirima muri Tanzaniya kuzana umwimbu wabo ku mvo z’ibiciro biri hasi cane muri Tanzaniya tugereranije n’ivyo i Burundi. Ivyo rero birateye amakenga, kuko nimba umusesekara uriho, ibiciro vyacu vyobaye bizimbutse cane mu karere.

    Ugusozera

    Itangazo ry’Umushikiranganji ryemeza ko « Uburundi bwaronse umusesekara mu mwimbu  w’ibigori » nta shingiro rifise dufatiye ku mvo nyinshi:

    • Ukudahuza mu mvugo z’abategetsi mu bijanye n’umwimbu w’ibigori.
    • Ukubura kw’ibiharuro bitomoye vyerekana uyo musesekara mu mwimbu w’ibigori.
    • Ukuterekana uburyo bwakoreshejwe mu guharura umusesekara w’umwimbu.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.