Author: Burundi Facts

Turi n’iteka ryo kubamenyesha ko itanguzwa ry’ibikorwa ku mugaragaro vya Burundi Facts, ikinyamakuru ciyemeje gusuzuma amakuru mu Burundi. Kurikirane ibikorwa twiyemeje vyo kugwanya amakuru Atari yo hamwe no guteza imbere imenyeshamakuru ryizewe kandi rikorera mu muco.

Read More

Mw’itangazo Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, Prosper Dodiko yatanze itariki 8 Ruheshi, yavuze ko igihugu caronse umusesekara mu mwimbu w’ibigori. Mu kiganiro cabaye itariki 8 Ruheshi 2024 mu ntumbero yo kurimbura uko umwaka w’uburimyi wa 2024 wagenze, Prosper Dodiko, Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, yavuze ati: «Umwaka w’uburimyi wa 2024, twarimye mwo cane cane ibigori, waranzwe n’imvura ikwiye, ugukurikiranira hafi abarimyi bishemeye n’utwigoro dukomeye two mu bushikiranganji mu kwitwararika gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna, imbuto hamwe n’ibikoresho bijanye n’uburimyi. Muribuka ko mu mwaka uheze w’uburimyi, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yarazanye imbuto n’indege vyari bitegekanijwe ko ziza n’ubwato. Ikindi twarabonye ko abakozi ba…

Read More

Iyicwa ry’abihebeye Imana mu Burundi mu myaka ya 1972-1973 no mu mwaka wa 1993 ntirihurizwako na bose Ikinyamakuru ngurukanabumenyi Ikriho caremeje ko igitigiri giteye ubwoba c’abihebeye Imana bishwe mu myaka ya 1972-1973 na 1993 mu Burundi, nk’uko bimenyeshwa n’Umurwi wo Kumenyesha Ukuri no Kurekuriranira (CVR). Ayo makuru agamije ukudafatwa kumwe mu vyerekeye ubwoko biratuma havyuka ibibazo bijanye no kwizera isoko ryayo. Burundi Facts yarakoze amatohoza. Itariki 24 Rusama 2024, ikinyamakuru ngurukanabumenyi Ikiriho carashize ahabona ku rubuga X  cemeza  igitigiri giteye ubwoba c’abihebeye Imana bishwe mu rwimo rwo mu myaka 1972-1973 no mu mwaka wa 1993 mu Burundi, gifatiye ku bitigiri…

Read More