Iyirukanwa rya David Leysens, umuyobozi w’igisata c’Ububiligi kiraba ivy’iterambere (Enabel), inyuma yo gushira k’urubuga rwiwe inshushanyo ngereranyo ijanye n’ubukene bw’igitoro burangwa mu Burundi ,ivyo vyatumye haba ibibazo bitari bike. Iyo ngingo, ifatwa nk’iyagihutihuti na bamwe mubakurikiranira hagufi ibibera mu gihugu ,irerekana ko uburenganzira bwo kugira ico umuntu ashikirije butubahirijwe mu Burundi ,kandi iryo yirukanwa rishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ingoma y’Ububiligi, inyuma yo kubangamira imfashanyo zari zimaze kwegeranywa kugira zifashe Uburundi.
Kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2025, abategetsi b’Uburundi bategetse David Leysens kuba yavuye mu gihugu ubutarariye hatarenze ku munsi wa gatandatu. Imvo, kuba yarashize ku rubuga rwiwe wa LinkedIn inshushanyo ngereranyo n’ikinyamakuru The continent, yerekana ubukene bw’igitoro bwugarije igihugu haraheze imyaka itari mike.
Kubwa Reta y’Uburundi,iyo nyifato iratosekaza ubwigenge bw’igihugu. Yamara, ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro burategekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka wa 2005 mu ngingo ya 31, aho kandi iyo ngingo yongera ikagaruka mw’Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka wa 2018. Iyo ngingo ivuga ko umunyagihu harimwo n’umunyamahanga afise uburenganzira yo gushikiriza Ivyiyumviro vyiwe canke gutanga amakuru yakuye handi.
Enabel, ishirahamwe ryamye rifasha kuva kera kandi mu bisata nkora mutima
Kuri ivyo vyabaye: Enabel ni rimwe mu mashirahamwe akomeye akorana n’Uburundi. Mubijanye n’umugambi wa 2024-2028, iryo shirahamwe ryari ryemeye ko rigiye kwegeranya amafaranga agera ku miriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya kugira afasha mu bisata bimwe bimwe nkoramutima:
- Amagara y’abantu n’inyubako
- Uburimyi hamwe no guhingura ibiribwa mu buryo burama (imiriyoni 15.8 mu mafaranga y’abanyaburaya)
- Ibijanye no gufasha abahejeje kwiga imyuga (imiriyoni 11 y’amafaranga y’abanyaburaya)
- Intwaro hamwe nokuyikindisha abanyagihugu (imiriyoni 4.9 mu mafaranga y’abanyaburaya)
- Kigega c’inyugisho no kunonosora ivyigwa(imiriyoni 4.5 z’amafaranga y’abanyaburaya)
- Guha uburyo igisata kiraba ibindi bisata bitandukanye (imiriyoni 4.5 mu mafaranga y’abanyaburaya)
Hafi imiriyoni 40 mu mafaranga y’abanyaburaya yaramaze gushirwa mi migambi isanzwe iriko irarangurwa muri kino gihe, muri iyo hakaba harimwo iyikorera kukubaho kwa misi yose y’abanyagihugu bafise amikoro make.
Inkwirikizi ku Burundi
- Ugutakaza imfashanyo hamwe n’ubuhinga: iyirukanwa ryiwe ribaye mugihe hari amamiriyoni atari make yaramaze gushirwa mu migambi. Inyubako mu gisata c’amagara y’abantu, imigambi yo gukwirikirana hamwe no gushigikira imigambi mu gisata c’uburimyi iyo igashobora guca icumbagira canke igahagarara burundu.
- Ingaruka kubijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu: inyuma y’indwi nkeya, habaye urugendo rw’icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi Maxime Prévot, urugendo rwari rugamije kunagura imigenderanire hagati yivyo bihugu bibibiri, ibintu rero bigashobora guca bicumbagira eka mbere no kibandi basanzwe bafasha Uburundi.Ingingo yo kumwirukana Kikaba ari ikimenyetso cerekana uguhungabana mubijanye n’amategeko hamwe na poritike vy’igihugu.
- Ishusho y’igihugu iracafura: Mu gihe Ibwirizwa Shingiro ritanga ubwigenge mu bijanye no gushikiriza iciyumviro,ingingo yafashwe irahushanye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono. Ivyo bishobora gucafuza ishusho y’igihugu mu gihe cari cizewe.
- Inkwirikizi ku banyagihugu: Imigambi yo kunagura ibitaro vyo hagati mu gihugu, gukarihiriza ubwenge indongozi canke gukomeza ibijanye no gufungura ishobora kwikwega, abahasinzikarira n’abanyagihugu yafasha.
Ingingo ifatwa nk’iyigihuruduka
Kubwa Frédéric Bamvuvinyumvira,yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi,avuga ko iyo ngingo irengeye kure n’iyo ibijanye n’imigenderanire akagira ati: «Iyo ngingo irashobora gutuma imfashanyo zose za nkenerwa zihagarara hanyuma gushira mu ngiro imwe mu migambi yihuta bigahagarara.Ivyo kandi birerekana ko ata bwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro buhari kandi birafise n’inkwirikizi ku migenderanire y’Uburundi n’amakungu.»
Bamvuvinyumvira asaba Reta abategetsi kubanza kuraba ku nkwirikizi imbere yo gufata ingingo mwe n’izo kuko ari ingingo zikora ku mutekano n’iterambere ry’igihugu.
Muri make
Iyirukanwa rya David Leysens rerekana igihushane:mugihe Uburundi buzeye inze ku mfashanyo mvamakungu kugira bushike kw’iterambere,iyo ngingo ishobora guhana abarundi hanyuma imigambi y’iterambere ikadindira kubijanye n’imigenderanire n’igihugu c’Ububiligi. Uko bigenda kwose, n’abarundi ubwabo bashobora kuhamerererwa nabi bivuye ku migambi mikuru mikuru ihambaye muri kazoza.
____________________________________________
Isanamu: David Leyssens, umuyobozi wa Enabel ku rwego rw’igihugu mu Burundi, aherutse kwirukanwa kubera yashize ku rubuga rwiwe wa LinkedIn inshushanyo ngereranyo y’ikinyamakuru The Continent, yerekana ubukene bw’igitoro mu Burundi. © DR