Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    0
    By BURUNDI FACTS on 13 September 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Iyirukanwa rya David Leysens, umuyobozi w’igisata c’Ububiligi kiraba ivy’iterambere (Enabel), inyuma yo gushira k’urubuga rwiwe  inshushanyo ngereranyo ijanye n’ubukene bw’igitoro burangwa mu Burundi ,ivyo vyatumye haba ibibazo bitari bike. Iyo ngingo, ifatwa nk’iyagihutihuti na bamwe mubakurikiranira hagufi ibibera mu gihugu ,irerekana ko uburenganzira bwo kugira ico umuntu ashikirije butubahirijwe mu Burundi ,kandi iryo yirukanwa rishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ingoma y’Ububiligi, inyuma yo kubangamira imfashanyo zari zimaze kwegeranywa kugira zifashe Uburundi.

    Kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2025, abategetsi b’Uburundi bategetse David Leysens kuba yavuye mu gihugu ubutarariye hatarenze ku munsi wa gatandatu. Imvo, kuba yarashize ku rubuga rwiwe wa LinkedIn inshushanyo ngereranyo n’ikinyamakuru The continent, yerekana ubukene bw’igitoro bwugarije igihugu haraheze imyaka itari mike.

    Kubwa Reta y’Uburundi,iyo nyifato iratosekaza ubwigenge bw’igihugu. Yamara, ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro burategekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka wa 2005 mu ngingo ya 31, aho kandi iyo ngingo yongera ikagaruka mw’Ibwirizwa Shingiro ryo mu mwaka wa 2018. Iyo ngingo ivuga ko umunyagihu harimwo n’umunyamahanga afise uburenganzira yo gushikiriza Ivyiyumviro vyiwe canke gutanga amakuru yakuye handi.

    Enabel, ishirahamwe ryamye rifasha kuva kera kandi mu bisata nkora mutima

    Kuri ivyo vyabaye: Enabel ni rimwe mu mashirahamwe akomeye akorana n’Uburundi. Mubijanye n’umugambi wa 2024-2028, iryo shirahamwe ryari ryemeye ko rigiye kwegeranya amafaranga agera ku miriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya kugira afasha mu bisata bimwe bimwe nkoramutima:

    • Amagara y’abantu n’inyubako
    • Uburimyi hamwe no guhingura ibiribwa mu buryo burama (imiriyoni 15.8 mu mafaranga y’abanyaburaya)
    • Ibijanye no gufasha abahejeje kwiga imyuga (imiriyoni 11 y’amafaranga y’abanyaburaya)
    • Intwaro hamwe nokuyikindisha abanyagihugu (imiriyoni 4.9 mu mafaranga y’abanyaburaya)
    • Kigega c’inyugisho no kunonosora ivyigwa(imiriyoni 4.5 z’amafaranga y’abanyaburaya)
    • Guha uburyo igisata kiraba ibindi bisata bitandukanye (imiriyoni 4.5 mu mafaranga y’abanyaburaya)

    Hafi imiriyoni 40 mu mafaranga y’abanyaburaya yaramaze gushirwa mi migambi isanzwe iriko irarangurwa muri kino gihe, muri iyo hakaba harimwo iyikorera kukubaho kwa misi yose y’abanyagihugu bafise amikoro make.

    Inkwirikizi ku Burundi

    1. Ugutakaza imfashanyo hamwe n’ubuhinga: iyirukanwa ryiwe ribaye mugihe hari amamiriyoni atari make yaramaze gushirwa mu migambi. Inyubako mu gisata c’amagara y’abantu, imigambi yo gukwirikirana hamwe no gushigikira imigambi mu gisata c’uburimyi iyo igashobora guca icumbagira canke igahagarara burundu.
    2. Ingaruka kubijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu: inyuma y’indwi nkeya, habaye urugendo rw’icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi Maxime Prévot, urugendo rwari rugamije kunagura imigenderanire hagati yivyo bihugu bibibiri, ibintu rero bigashobora guca bicumbagira eka mbere no kibandi basanzwe bafasha Uburundi.Ingingo yo kumwirukana Kikaba ari ikimenyetso cerekana uguhungabana mubijanye n’amategeko hamwe na poritike vy’igihugu.
    3. Ishusho y’igihugu iracafura: Mu gihe Ibwirizwa Shingiro ritanga ubwigenge mu bijanye no gushikiriza iciyumviro,ingingo yafashwe irahushanye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono. Ivyo bishobora gucafuza ishusho y’igihugu mu gihe cari cizewe.
    4. Inkwirikizi ku banyagihugu: Imigambi yo kunagura ibitaro vyo hagati mu gihugu, gukarihiriza ubwenge indongozi canke gukomeza ibijanye no gufungura ishobora kwikwega, abahasinzikarira n’abanyagihugu yafasha.

    Ingingo ifatwa nk’iyigihuruduka

    Kubwa Frédéric Bamvuvinyumvira,yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi,avuga ko iyo ngingo irengeye kure n’iyo ibijanye n’imigenderanire akagira ati: «Iyo ngingo irashobora gutuma imfashanyo zose za nkenerwa zihagarara hanyuma gushira mu ngiro imwe mu migambi yihuta bigahagarara.Ivyo kandi birerekana ko ata bwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro buhari kandi birafise n’inkwirikizi ku migenderanire y’Uburundi n’amakungu.»

    Bamvuvinyumvira asaba Reta abategetsi kubanza kuraba ku nkwirikizi imbere yo gufata ingingo mwe n’izo kuko ari ingingo zikora ku mutekano n’iterambere ry’igihugu.

    Muri make

    Iyirukanwa rya David Leysens rerekana igihushane:mugihe Uburundi buzeye inze ku mfashanyo mvamakungu kugira bushike kw’iterambere,iyo ngingo ishobora guhana abarundi hanyuma imigambi y’iterambere ikadindira kubijanye n’imigenderanire n’igihugu c’Ububiligi. Uko bigenda kwose, n’abarundi ubwabo bashobora kuhamerererwa nabi bivuye ku migambi mikuru mikuru ihambaye muri kazoza.

    ____________________________________________

    Isanamu: David Leyssens, umuyobozi wa Enabel ku rwego rw’igihugu mu Burundi, aherutse kwirukanwa kubera yashize ku rubuga rwiwe wa LinkedIn inshushanyo ngereranyo y’ikinyamakuru The Continent, yerekana ubukene bw’igitoro mu Burundi. © DR

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.