Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke n’umwimbu w’umusesekara w’ibifungurwa,ukuri kugaragara n’uko hariho igihushane. Ugucerwa mugutanga ifumbire,kweza amaso umuntu umwe atanga ifumbire, uburimyi atari ubwa kijambere hamwe n’ubusumbasumbane bw’amatongo: ingorane zurusukirane zihari ni nyinshi bigatuma umuntu agira amakenga kuri ako kamo k’umukuru w’igihugu.
Ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu yaratanguje k’umugaragaro umwaka w’uburimyi k’umutumba wa Rutyazo,ni muri komine ya Mwaro intara ya Gitega,ku civugo «Twisunze imbonakazoza y’igihugu,twunge urunani mukugwiza imfungurwa zikwije». Mw’ijambo ryiwe,yahamagariye abanyagihugu kubungabunga isi ndimwa kugira Uburundi buronke umusesekara w’ibifungurwa.
Yamara n’ubwo yateye ako kamo, ibimenyetso biboneka biravuguruza ico cipfuzo.
Icerwa ry’ifumbire rigira inkwirikizi k’umwimbu
Mu ntara zitandukanye, itangwa ry’ifumbire riracarimwo ingorane.
- I Muyinga (Buhumuza), abarimyi bavuga ko ata n’urutete rw’ifumbire bararonka.
- I Shombo (Gitega), ifumbire yatanzwe bavuga ko ari intica ntikize.
Muri zone Nyabikere ifumbire yaratanzwe ariko agahaze kariho, abarimyi bagira bati: «Hari n’abatararonswa ifumbire yo kwirima riheruka. »
Ukwo gucerwa kwisubiriza gushobora guhungabanya irima ry’agatasi.
Igisata c’icayi cugarijwe n’ibibazo
Ibiterwa njabukamazi navyo nyene ntivyasigaye inyuma. Abarimyi b’icayi bavuga ko haheze ikiringo kiri hagati y’imyaka itatu n’ine bataronswa ifumbire, bagira bati: « n’ubwo turima twiyahagura, umwimbu uguma ari muke. »
Ivyo birahungabanya ico gisata cari gisanzwe gifise n’ibindi bibazo vy’uburyo n’ubuhinga, n’ubwo Reta yama yatanze icizere kidashika.
Guhanga amaso ishirahamwe rimwe Fomi
Mu ntara ya Gitega, abarimyi bo ku mitumba ya Gisuru na Kibogoye bavuga ingorane zisa n’izo, bagira bati: « twararishe ifumbire, ariko n’ubu ntiraboneka kandi irima ry’agatasi ryaratanguye. »
Jean Séverin, wo mubuyobozi bw’intara buraba uburimyi n’ubworozi aremeza ko ifumbire ari nke mu bubiko ariko akizeza ko igiye kuboneka. Kubwiwe « ihinguriro Fomi rikwiye kwongereza ifumbire rihingura kugira rishobore gutanga ifumbire ikenewe yose».
Kuba ishirahamwe rimwe ariryo ritanga ifumbire mu gihugu biguma bituma habaho ugucereza abarimyi mbere bigateza n’ishavu.
Ingorane zidahera
Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishiramwe Parcem, ingorane irarengeye ibijanye n’ukwiyunguruza canke urugero rw’ifumbire ihingurwa. Parcem yibutsa ko abantu benshi barimisha isuka, ntabuhinga bugezweho burimwo. Hari kandi abafise amatongo yagutse mugihe abandi n’abo bafise matomato.
Uburyo butangwa ni bwinshi ariko umwimbu uguma ari muke
Reta yemeza ko ishira amafaranga agera ku miriyaridi 300 mu gisata c’uburimyi, na cane cane mukuriha ifumbire no mugushigikira ama koperative. N’ubwo biruko, Faustin Ndikumana avuga ko ata mwimbu ugaragara uboneka.
Ibiciro ku masoko birigaragaza:
- Umuceri: ikiro kigeze ku bihumbi indwi birenga
- Ibiharage: ikiro kiri ku mafaranaga arenga ibihumbi bitatu.
N’ubwo uburyo bushirwa muri ico gisata ari bwinshi, umwimbu uracari hasi, bigatuma umuntu yibaza ibitari bike ku ntunganyo hamwe n’ikoreshwa ry’amafaranga ashirwa muri ico gisata.
Murimake
N’ubwo hari ugushaka kw’umukuru w’igihugu kugira umwimbu uduge, icerwa ry’ifumbire, ubuhinga bugihaze, intunganyo y’isi ndimwa idashemeye hamwe n’utundi tunenge tuguma tugaragara mu gisata c’uburimyi biza binigira mu menshi ihangiro ryo gushika k’umwimbu w’umusesekara. Atanyishu zitomoye zibonetse kuri izo ngorane zose, ugushaka kurashobora guherera mu majambo gusa.
