Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    0
    By BURUNDI FACTS on 4 November 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke n’umwimbu w’umusesekara w’ibifungurwa,ukuri kugaragara n’uko hariho igihushane. Ugucerwa mugutanga ifumbire,kweza amaso umuntu umwe atanga ifumbire, uburimyi atari ubwa kijambere hamwe n’ubusumbasumbane bw’amatongo: ingorane zurusukirane zihari ni nyinshi bigatuma umuntu agira amakenga kuri ako kamo k’umukuru w’igihugu.

    Ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu yaratanguje k’umugaragaro umwaka w’uburimyi k’umutumba wa Rutyazo,ni muri komine ya Mwaro intara ya Gitega,ku civugo «Twisunze imbonakazoza y’igihugu,twunge urunani mukugwiza imfungurwa zikwije». Mw’ijambo ryiwe,yahamagariye abanyagihugu kubungabunga isi ndimwa kugira Uburundi buronke umusesekara w’ibifungurwa.

    Yamara n’ubwo yateye ako kamo, ibimenyetso biboneka biravuguruza ico cipfuzo.

    Icerwa ry’ifumbire rigira inkwirikizi k’umwimbu

    Mu ntara zitandukanye, itangwa ry’ifumbire riracarimwo ingorane.

    • I Muyinga (Buhumuza), abarimyi bavuga ko ata n’urutete rw’ifumbire bararonka.
    • I Shombo (Gitega), ifumbire yatanzwe bavuga ko ari intica ntikize.

    Muri zone Nyabikere ifumbire yaratanzwe ariko agahaze kariho, abarimyi bagira bati: «Hari n’abatararonswa ifumbire yo kwirima riheruka. »

    Ukwo gucerwa kwisubiriza gushobora guhungabanya irima ry’agatasi.

    Igisata c’icayi cugarijwe n’ibibazo

    Ibiterwa njabukamazi navyo nyene ntivyasigaye inyuma. Abarimyi b’icayi bavuga ko haheze ikiringo kiri hagati y’imyaka itatu n’ine bataronswa ifumbire, bagira bati: « n’ubwo turima  twiyahagura, umwimbu uguma ari muke. »

    Ivyo birahungabanya ico gisata cari gisanzwe gifise n’ibindi bibazo vy’uburyo n’ubuhinga, n’ubwo Reta yama yatanze icizere kidashika.

    Guhanga amaso ishirahamwe rimwe Fomi

    Mu ntara ya Gitega, abarimyi bo ku mitumba ya Gisuru na Kibogoye bavuga ingorane zisa n’izo, bagira bati: « twararishe ifumbire, ariko n’ubu ntiraboneka kandi irima ry’agatasi ryaratanguye. »

    Jean Séverin, wo mubuyobozi bw’intara buraba uburimyi n’ubworozi aremeza ko ifumbire ari nke mu bubiko ariko akizeza ko igiye kuboneka. Kubwiwe « ihinguriro Fomi rikwiye kwongereza ifumbire rihingura kugira rishobore gutanga ifumbire ikenewe yose».

    Kuba ishirahamwe rimwe ariryo ritanga ifumbire mu gihugu biguma bituma habaho ugucereza abarimyi mbere bigateza n’ishavu.

    Ingorane zidahera

    Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishiramwe Parcem, ingorane irarengeye ibijanye n’ukwiyunguruza canke urugero rw’ifumbire ihingurwa. Parcem yibutsa ko abantu benshi barimisha isuka, ntabuhinga bugezweho burimwo. Hari kandi abafise amatongo yagutse mugihe abandi n’abo bafise matomato.

    Uburyo butangwa ni bwinshi ariko umwimbu uguma ari muke

    Reta yemeza ko ishira amafaranga agera ku miriyaridi 300 mu gisata c’uburimyi, na cane cane mukuriha ifumbire no mugushigikira ama koperative. N’ubwo biruko, Faustin Ndikumana avuga ko ata mwimbu ugaragara uboneka.

    Ibiciro ku masoko birigaragaza:

    • Umuceri: ikiro kigeze ku bihumbi indwi birenga
    • Ibiharage: ikiro kiri ku mafaranaga arenga ibihumbi bitatu.

    N’ubwo uburyo bushirwa muri ico gisata ari bwinshi, umwimbu uracari hasi, bigatuma umuntu yibaza ibitari bike ku ntunganyo hamwe n’ikoreshwa ry’amafaranga ashirwa muri ico gisata.

    Murimake

    N’ubwo hari ugushaka kw’umukuru w’igihugu kugira umwimbu uduge, icerwa ry’ifumbire, ubuhinga bugihaze, intunganyo y’isi ndimwa idashemeye hamwe n’utundi tunenge tuguma tugaragara mu gisata c’uburimyi biza binigira mu menshi ihangiro ryo gushika k’umwimbu w’umusesekara. Atanyishu zitomoye zibonetse kuri izo ngorane zose, ugushaka kurashobora guherera mu majambo gusa.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.