Urukurukuru kubijanye nuko amagara yuwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni uko yoba yifashe, yarahanahanywe ku mbugahwaniro imisi itari mike. Inyuma yo kurondera, hari ivyo twaronse bishobora gutuma umuntu aronka umuco.
Nivyo, Alain Guillaume Bunyoni, asanzwe apfunzwe kuva muri Nyakanga 2023, ari mu bitaro vy’akarere vya Gitega. Nk’uko twavyiboneye cokimwe n’amakuru yizewe dufise n’uko ari mu cumba gicungerewe bidasanzwe.
Icumba acungiwemwo ngaho mubitaro, kizwi nk’ico abakire, cegeranye naho bakirira abashaka ubufasha bwihuta. Amakuru dukura ahatandukanye yemeza ko yinjijwe ibitaro k’umusi wa gatatu igenekerezo rya 15 Gitugutu umwaka wa 2025.
Ugucungwa kudasanzwe, kandi gukurikiranirwa hagufi
Icumba arimwo cama gicunzwe umwanya wose n’abapolisi baza barakurakuranwa kumwanya kumwanya. Ariko abo bapolisi ntibarekuriwe kwinjira mucumba arimwo nk’uko amategeko y’umutekano wo kwa muganga abisaba.
Abarekuriwe kwinjirayo ni umupfasoni wiwe hamwe n’umukobwa wiwe Joy Bunyoni, cokimwe n’abaganga bamukurukirana. Abo nyene ninabo bamutegurira nivyo afungura.
Amagara yiwe bisa ” nk’uko yoba yifashe neza”
Amakuru dufise yemeza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yoba afise indwara y’igisukari, ivyo bikaba vyavuzwe kuva acinjizwa mw’ibohero. Ariko n’ubwo biri uko nta nakimwe cemeza ko yoba yinjijwe mubitaro kubera iyo ndwara.
Ibipimo vyakozwe n’umugwi w’abaganga b’abahinga bikaba arivyo vyemeje ko uyo mupfungwa bikewe ko amagara yiwe akwirikiranirwa hagufi n’abaganga, ninabo boba baciye basaba ko yojanwa mu bitaro, ibitandukanye n’amakuru yagiye arahanahanwa ku mbugahwaniro.
Amakuru adashemeye yikizokurikira
Gushika ubu, ntamakuru namwe aratangwa n’abajejwe ibohero canke ibitaro kugira umuntu amenye uko amagara yiwe yifashe. Amakuru ahari ntarimwo umuco kimwe gusa n’uko iyo dosiye irimwo ukwigengesera kudasanzwe.
Mu ncamake, amakuru dufise yerekana ko Alain Guillaume Bunyoni ari mu bitaro, ariko amagara yiwe atabangamiwe, ibitandukanye n’amakuru yagiye arahanahanwa ku mbugahwaniro.
