Mu gihe hariko hahimbazwa imyaka 20 iheze umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi, umunyabanga mukuru w’umugambwe, Révérien Ndikuriyo, yararase ukwitanga kwaranze abarwanyi ku rugamba. Ku bwiwe, indwano barwanye hamwe n’amaraso basheshe vyoba arivyo vyatumye muri kino gihe abarundi «babayeho bahimbawe ». Kandi bongera kubaho bariko barakamisha ivyiza vya demokarasi. Ariko inyuma y’iyo mvugo yo guhayagiza ubutwari, ibigaragara n’uko ari igihushane: ubukene, ivyo biyemeje ntibishitswe hamwe n’indyane zidahera.
Imbere y’urwaruka rw’Imbonerakure, mu birori vyo guhimbaza imyaka 20 umugambwe CNDD-FDD umaze ushitse ku butegetsi, Révérien Ndikuriyo yaragarutse kuri kahise k’urugamba. Yaragarutse ku karorero k’umurwanyi yapfuye urupfu rubabaje, ahamagarira abo barikumwe kubandanya urugamba kugirango « abarundi baze babeho bahimbawe ». Kubwa Ndikuriyo, uko kwitanga kwoba ariko kwugururiye inzira ukubaho neza kw’abanyagihugu.
Ariko ukwo kubona ubutwari bwo muri kahise biravuguruzwa n’ukuri kw’ibiri ku rubuga muri kino gihe.
Inyuma y’imyaka 20: Ihangiro ryo kubaho mu kanyamuneza ryoba ryarashitsweko?
Umugambwe CNDD-FDD washitse ku butegetsi mu mwaka wa 2005. Ariko ibigaragara mu gisata c’imibano hamwe n’ubutunzi vyerekana ko ata kwisununura kwigeze gushikwako:
Ubukene buzura inzara: nk’uko bishikirizwa n’ibanki y’isi hamwe n’igisata ca ONU kiraba ivy’iterambere PNUD, Uburundi buri mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi.
Ubukene bw’ibifungurwa: Abanyagihugu barenga ibice 60 kw’ijana bari mu bukene bw’ibifungurwa budahera
Urugero rw’abatagira akazi rurihejuru: na cane cane ku rwaruka, n’ubwo hama hariko haratangwa imyizero idashika
Ivyo biharuro biravuguruza iciyumviro co kwihayagiza ca Ndikuriyo cuko «ukwitanga» kwoba kwugururiye imiryango iterambere.
Intwaro ya demokarasi yari yijejwe: inigiwe mu menshi
Mw’ijambo ryiwe, Ndikuriyo yarahuje ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD hamwe no gutsimbataza intwaro ya demokarasi. Ariko aha ukuri ni ukundi :
Kuva muri 2015, igihugu cugarijwe n’indyane za poritike zigizwe no kutihanganira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abamenyeshamakuru hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu.
Amatora yama ariko ariyamirizwa kuko aba yaranzwe n’utunenge hamwe n’ukwikekwa ko yoba yibwe.
Ukwishira no kwizana muvya poritike vyaratitutse cane, ivyo navyo bikaba binyuranye n’ibitegerezwa kuranga demokarasi umugambwe CNDD-FDD uvuga kwariyo ushira imbere.
Akarorero gatangwa kuri Nyangoma
Mw’ijambo ryiwe, Ndikuriyo yaravuzemwo Léonard Nyangoma, yatanguje umuhari CNDD kandi ni nawe yatanguje urugamba, nk’uko ariwe basavye « ibirwanisho bikomeye ». Yamara, uno musi, Nyangoma aba mu buhungiro, ntacemewe n’umugambwe CNDD-FDD. Ico gihushane cerekana neza uko kahise gasorongorwa kugira gafashe umugambwe uri ku butegetsi.
Kuvuga kahise, ariko unyegeje ukuri muri poritike
Kwerekana ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD nk’intandaro y’umunezero abarundi babayemwo muri kino gihe, bisa no gucuvya kahise ka vuba. Ukuri n’uko ugufata umuheto vyatumye haterwa umukono ku masezerano y’i Arusha hamwe no gusabikanya ubutegetsi. Ariko icizere c’Uburundi butekanye, burangwamwo intwaro ishingiye kuri demokarasi kandi buteye imbere biracari indoto.
Gusozera
Iyo mvugo ya Révérien Ndikuriyo ifatwa nk’uburyo bwatowe bwo guhayagiza kahise kugira umuntu asigure uko ibintu vyifashe muri kino gihe. Ariko ukuri mubijanye n’imibano n’ubutunzi hamwe na poritike mu gihugu vyerekana ko kwemanga ko «babayeho bahimbawe kubera ukwitanga kw’abarwanyi » bidafise ishingiro.
Ikigaragara n’uko inzira yo gushika kw’iterambere, intwaro rusangi hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu ikiri kure n’ubwo hari amaraso yasesetse.
________________________________________________
Photo : Révérien Ndikuriyo, umunyabanga mukuru w’umugambwe arata ukwitanga kwaranze abarwanyi ba CNDD-FDD. Kubwiwe, amaraso basheshe yatumye muri kino gihe abarundi «babayeho bahimbawe ». © DR