Mu gihe umurwi wo kurundera ukuri no kunywanisha abarundi (CVR), ariwo wahavuye wakira ama dosiye yose ajanye n’amatati y’amatongo yari muri CNTB, imyidogo ibandanya irwira. Urangwa no kutagira umuco, uguhengama, ivyo umaze gushikako mu kiringo c’imyaka 10 umaze ushinzwe biranegurwa, bigatuma haba amakenga kw’ihangiro ryo gushikana Uburundi ku butungane n’ukunywana.
Igihe hatanguzwa ikindi gice c’ibikorwa vy’umurwi wo kurondera ukuri no ku nywanisha abarundi (CVR), Pierre Claver Ndayicariye awurongoye yaragerageje guhumuriza agira ati : «Aka ni akaryo keza kuri abo bose bafise inyota yo kumenya ukuri n’ubutungane, kuri abo bose banyazwe ivyabo.»
Yamara, inyuma yayo majambo, ukubona ukuri n’ubutungane biriko birateba kuja mu ngiro. Umurwi CVR, wahawe uburenganzira bwo gukurukirana amadosiye yahoze ari mu murwi utakiriho wa kwirikirana ibijanye n’amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB), ibikorwa biriko birakwega amaguru. Abatari bake bafise amakenga kuco uyo murwi uzoshikako mu gutunganiriza abarundi.
Igikorwa gishasha giteye amakenga
Ni mu ntara ya Butanyerera ,iyari intara ya kera ya Ngozi, mu buraruko bw’igihugu, Pierre Claver Ndayicariye niho yatangaje iyagurwa ry’ibikorwa vya CVR. Hisunzwe itegeko ryo kuwa 28 Rusama 2024, uyo murwi niwo uca ufata mu minwe amadosiye ajanye n’amatati y’amatongo hamwe n’ayandi matungo yose yanyazwe ayo nayo akaba yarasanzwe ari muri CNTB.
Iyo ntunganyo nshasha ikaba yarateje impari .Kubatari bake bari mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, uko ni ukuremereza urwego kandi rusanzwe rufise n’umwimbu utari mwiza, inyuma y’imyaka 10 rubayeho.
Imyidogo igaragara ishingiye ku guhengama hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko
Terence Mushano, icegera c’uwurongoye ishiramwe AC Genocide_Cirimoso ,ariyamiriza ico avuga ko gishobora gusubiza Uburundi mukaga: «Barondera iki?kwugara dosiye ya CVR imbere yo kumenya canke ngo hatangwe umuco kubikorwa vya CNTB?»
Afise amakenga kububasha bw’uwo murwi: «CVR irongowe na Ndayicariye yatanze icegeranyo ivuga k’ ubwicanyi bwabaye mu 1972. Hanyuma ibindi bihe navyo ? Kuberiki itavuze ku 1965, 1988, 1993 gushika 2008?»
Kubwiwe, aho kunywanisha, CVR iriko itsimbataza kunyaga: «Nyimba amasura ategerezwa gucirwa imanza kubera ko yasuye ibitarivyo, abagize umurwi CVR ari n’abo bahagarariye izo manza zihengamye ,mugusubiza amatongo hahonyanzwe amategeko babwirizwa kuba abambere bakubitwa mu gahanga n’intahe.»
Aranibutsa kandi ko ingingo ya 11,ibuza umuntu uwariwe wese kwunguruza ku ngingo yose ijanye n’ubutungane yafashwe n’uyo murwi ivyo navyo bigatuma hazokwamaho akarenganyo kadahera.Agira ati:
«Ibintu bidakozwe neza,ivyo bizogira ingaruka uko bigenda kose, n’ubwo tuzoba twarapfuye.»
Uyundi munyamategeko ,umushingwamanza Pascal Ntahonkuriye asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abacikacumu b’i Bugendana, afise amakenga kubijanye no kuzeza amabanga menshi umurwi umwe agira: « CVR si umurwi wizewe na bose. Igice kimwe c’abanyagihugu bawubonamwo uguhengama.»
Ahagarara ku ngingo ya 210 y’Ibwirizwa Shingiro ,iha uburenganzira ama sentare guca imanza .Agira ati : «Ntabwo ari umurwi ufata ingingo ku matati y’amatongo aremereye nk’ayo. Itegeko rigenga CVR riranyuranye n’ingingo irekurira umuntu wese kubonana n’umucamanza nk’uko biri mu ngingo 39 y’Ibwirizwa Shingiro.»
Ivyashitsweko bifasha bamwe bikabangamira abandi
Kuva ubayeho, umurwi CVR wagumye uhagarara cane kuvyabaye mu mwaka wa 1972, uvuga ko ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Ububasha bwo kuvuga kwari ihonyabwoko bamwe n’abandi mubanonosoye ivy’amategeko bakabona ko ubwo bubasha ari ubw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU canke iyindi sentare mpuzamakungu.
Terence Mushano agira ati :«Kubera iki umurwi CVR udashira ahabona civyari vyakozwe igihe CVR yari irongowe n’umuhisi Musenyeri Jean Louis Nahimana ?Kumbure ni kubera ko ivyo yakoze yari yabikoze neza .»
Umuntu agereranije ,k’uburongozi bwa Patiri Astère Kana , umurwi CNTB wari washoboye kurangura ibitari bike vyibanze vyiza: mukuganira n’imirwi itandukanye, kwegeranya intahe, n’utwigoro mukwigisha… Ivyo vyose bikaba ubu vyaranigiwe mu menshi kuva aho CVR ibireye igikoresho ca poritike, bikagaragara ko ukoreshwa n’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD_FDD.
Vyongeye kandi hari n’abagiriza uyo murwi kuba ari igikoresho kiriko kirifashishwa mukwihorahorana muvya poritike, mukunyaga aba nabariya kuri abo bose bafatwa nk’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ibikorwa vy’umurwi vyagutse ariko bitizewe
N’ubwo ari ngombwa ko amabi yakozwe muri kahise yohanwa, kwegurira iyo mirimo yose mu minwe ya CVR, kurondera ukuri, kunywanisha, gukemura amatati y’amatongo, gushumbusha, mu gihe ivyo uwo murwi umaze gushikako bidahumuriza kandi bidatanga icizere, bituma haba amakenga.
Inyuma y’imyaka 10, uyo murwi ubayeho, gushika ubu nturanyura abarundi kuko gushika ubu udakorera mu muco, ivyo umaze gushikako bikaba bitizewe kandi bidahurizwako na bose.
Mu gihe bimeze uko, hari ikibazo gikomeye: umurwi CVR woshobora gutanga icizere kuri bose ugakorera mu butungane hanyuma hagashikwa kukunywana kw’ukuri ? Kubatari bake, inyishu iguma iteye amakenga.
________________________________________________
Photo: Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi wo kurondera ukuri no ku nywanisha abarundi (CVR)