Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC wari ufise indoto yo gushika kure: mu gukuraho imbibe hagati y’ibihugu biwugize, ikoreshwa ry’ifaranga rimwe, n’ibindi. Inyuma y’imyaka 25, iyo ndoto isa n’uko bigoye kuyishikako. Umuntu afatira kubituma umuryango wiyunga biza bitandukanye n’ibiriko biraba muri kino gihe.
Ugutatana kw’umuryango wa EAC kuragarira i Dar es_salaam ,aho mu kwezi kwa Mukakaro 2025, Reta ya Tanzaniya yahagaritse imyuga igera kuri 15 kubanyamahanga bose bose bose bava mu bihugu vyo mu karere: kumwa, kudandaza, kurungika amafaranga, gukora za ngendanwa, Tanzaniya yitwaje ko ishaka «gukingira abanyagihugu b’amikori mato bo muri ico gihugu bashaka kwiyungunganya.»
Iyo ngingo yafashwe na Tanzaniya yaje ihonyanga amasezerano agenga isoko rusangi muri Afrika y’ubuseruko: ingingo ya 2 irarekurira abanyagihugu bakomoka muri EAC uburenganzira bwo kwishira n’ukwizana mu bihugu bigize umuryango, gukora, no kuba aho bashatse;ingingo 7 ivuga neza ko umunyagihu wo muri uyo muryango ashobora kwinjira, akaba akongera akarondera akazi kandi atakumirwa ririnze kuba; harashobora gufatwa ingingo ziharije ariko hatanzwe kandi insiguro zifasha kubindi bihugu bigize umuryango. Ivyo navyo bikaba bitigeze biba kuri iyi ngingo yafashwe nk’uko vyategerezwa.
Yamara ako ni kamwe muturorero umuntu ashobora gufatirako mukwerekana amakenga kuri kazoza k’umuryango. Umutekano wo muri RDC hamwe n’inkwirikizi zawo kuri kazoza n’iyinjira ryukuri muri uwo muryango vyerekana ibindi.
Umutekano muke urangwa mubuseruko bwa Congo, kimwe mubiza bihungabanya ukwiyunga kw’umuryango wa EAC
Kuva muri 2022, umurwi urwana wa M23, woba ushigikiwe n’igihugu c’Urwanda nk’uko bisvugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ,uramaze kwigarurira ahatari hato mu buseruko bwa Congo. M23 n’iyo igenzura uburere bwa Goma, Walikale canke Bukavu , mu gihe indwano zibera muri ico gice zatumye abantu batari bake bata izabo. Izo ntureka ziza zinigira mu menshi ukwiyunga kw’umuryango wa EAC.
Mukugeragegeza gutorera umuti izo ntureka, umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wararungitse inteko za EACRF inyuma yo gusubirizwa n’ingabo za SAMIDRC zarungitswe na SADC (zari zigizwe n’ingabo ziva muri Afrika y’epfo, Malawi na Tanzaniya ).
Kubw’indongozi za EAC,ingorane zibonekeza muri kino gihe ziri kure y’ibibazo vy’ubutunzi: n’ingorane ijanye n’umutekano uguma uhungabana. Ubuseruko bwa Congo ahubwo muri kino gihe busa nk’uko ari igisebe kiguma kiva Kikaba kibangamiye akarere kose k’umuryango wa EAC.
Umutekano muke utuma habaho imbibe n’abata izabo
Izo ndyane zibangamira umutekano w’ibihugu.Mu kwezi kwa Nzero 2024, imbibe hagati y’Uburundi n’Urwanda zarugawe kandi n’ubu zirugaye, ikimenyetso cuko umutekano w’ibihugu ariwo uza imbere aho kureka abantu ngo bishire bongere bizane. Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD_FDD, uri k’ubutegetsi mu Burundi vuba aheruka gutangaza ko imbibe zizoguma zugaye igihe cose u Rwanda rutazoba ruratanga abo bagirizwa gushaka gutemabagaza ubutegetsi muri 2015.
Hagati aho urwaruka rw’abarundi ruguma rwirukanwa agasakisaki mu gihugu ca Tanzaniya. Amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike ihagarikwa rinyuranye n’amategeko, ihohoterwa,iyirikanwa riteye agahinda: “bamwe baza barahahamutse ,batagishobora mbere kugira ico bimariye”. Ubwo nabwo ni ubundi buryo bwokwugara kugira ryahangiro ry’umuryango ntirishikweko .
Igihushane c’ukwiyunga kw’umuryango dufatiye: ku majambo ashikirizwa hamwe n’ibikorwa
Muri kino gihe, hari ibihushane mu bijanye no kwiyunga kw’umuryango wa EAC. Indongozi zibandanya zihayagiza ukwiyunga kw’umuryango gushika ku rwego rwo hejuru, mu gihe, ibigaragarira mu bibera hagati y’ibihugu bigize umuryango vyerekana ukwizibirirako. Icegeranyo co 2023 ca East African Business Council kirabigaragaza neza ,aho kigira hiti : ” mu gihe ibihugu bizoba bishira imbere kurusha umutekano wavyo aho gushira imbere ukwiyunga, EAC izoguma imeza nk’igishusho kandi ntahangiro izopfa yarashitseko.”
Urudandazwa mu karere k’umuryango wa EAC kagarukira ku bice 15 kw’ijana, urugero ruto umuntu afatiye kubwaguke bw’isoko ya’akarere muri rusangi, kanatsinda ni n’uruhombo umuntu afatiye kuvyo ibihugu bigize umuryango vyiyemeje.
Muri make
Hagati yo kwihayagiza n’ibiri k’urubuga hariho itandukaniro rinini, umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC uriko urahungabana. Ubuseruko bwa Congo burangwamwo indwano zigatuma abantu bata izabo, ni kimwe mubigaragaza ibangamirwa ry’ubwiyunge bw’umuryango. Ukwirukana abarundi bikorwa na Tanzaniya hamwe no kwankira imyuga abanyagihugu bakomoka muri EAC muri ico gihugu vyerekana ko ibivurwa n’ivyanditse binyuranye n’ibikorwa. Ukwiyunga ni ikiraro gituma umuryango ukomera kandi ugatera imbere kurusha ubwigenge bw’igihugu kimwe kimwe ubwaco.
________________________________________________
Isanamu : Amabendera y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. © DR