Inyuma yaho hatunganirijwe amatora kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025,amatora yaranzwe n’ubusuma, inzego zatorewe ikiringo co kuva mu 2025_2030 zaramaze kujaho. Reta igizwe n’abashikiranganji 13, arongowe n’umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yarashinzwe. Ariko abatari bake mu mpunzi z’abarundi amakenga ni menshi. Izo mpunzi zibonako ata mpinduka zokwitegwa Ku gihugu kuko poritike izoguma ari nk’iyahahora.
Impunzi twaganiriye zihuriza ku kintu kimwe :inzego nshasha zose zavuye mu matora yaranzwe n’ikumira ,ata guhiganwa vyukuri kurimwo.Umugambwe CNDD_FDD,ari nawo uri k’ubutegetsi,bisa nk’uko watunganije wongera witabira amatora wo nyene
Daniel Ngendakumana afasha abakenyezi bibaruka akongera akaba n’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi (MIJB), avuga ko ivyabaye ari “inkinamico y’amatora,ikiringo caranzwemwo iterabwoba hamwe n’iyugarwa ry’urubuga rwa poritike”.
Na Emery Ndayikeza asanzwe ari impunzi kuva muri 2016 n’uko nyene abibona ,akagira ati :”Inama Nshingamateka,Inama Nkenguzamateka hamwe n’aba musitanteri bose bakomoka mu mugambwe umwe “,umugambwe umwe kubwiwe unigiye mu menshi intwaro rusangi ,kandi washizeho intwaro y’igikenye .
Jacqueline Nduwayezu, umwigisha w’impunzi mw’ikambi y’ impunzi i Mahama mu gihugu c’Urwanda, abona ko “izo nzego ari ingorane ikomeye kuri demokarasi hamwe no kubarundi “.Akibutsa yuko “gutorwa ijana kw’ijana bidasigura yuko abantu bose bayoboka imigambi washize imbere nk’umugambwe” ,arongera akanegura ubwoba bwugarije abarundi muri rusangi muri kino gihe .
Amasura yababandi nyene aguma agaruka
Igaruka ryabamwe mubahora mu mabanga kandi vyagaragaye ko atabushobozi n’ubumenyi bafise rirateye amakenga .
Nolasque Nduwimana, impunzi y’umurundi iba mu gihugu c’Ubuganda inyuma y’imyaka umunani yamaze mu gihugu ca Tanzaniya arerekana amakenga kuri bamwe mubasubiriye kwizerwa mu mabanga akavuga ati: “Ni wawundi nyene Ndabirabe,aguma ateza impari agarutse. Igihe cose yamaze ari Umushikiranganji wa mbere , umukuru w’Inama Nkenguzamateka wubu ,ntakajambo nakamwe yigeze akura mukanwa kubibazo vyugarije igihugu .. N’imbere y’Inama Nshingamateka, ibibazo vyose yagerageje kuvyikurako kandi biri muvyo ajejwe .”
Igenwa rya Chantal Nijimbere mubushikiranganji bwo kwivuna abansi naryo nyene rirateye amakenga abakenyezi bari mu buhungiro hanze y’igihugu, Rosalie Nahimana, yanonosoye ivyuburimyi ubu ari i Kigali,abonako “ibijanye n’ubushobozi bitigeze vyisungwa.”
Jacqueline Habonimana yize ivy’inyifato asanzwe aba nawe nyene i Kigali wewe ariyumvira gushika kure akagira ati: “Kugena umukenyezi atigeze ahonyoza ikirenge mu gisirikare, ni ukugira abe nk’igishusho gusa kandi ivyo biza bitesha agateka umukenyezi.”
Yamara hari n’abandi babona ko ari intango yo kwugurura :kugena umutwa mukibanza vy’umushikiranganji w’ubutungane,igenwa ry’abakiri bato mu bibanza vy’ubuhinga nko mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe n’amasoko ntanganguvu n’ubutare ,canke igenwa rya Lydia Nsekera mubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama .Ariko Rosalie Nahimana agira ati :”N’ubwo indya zoba zimota neza ,igihe cose uzozirira mw’isahani icafuye ,ntuzokwigera wumva ako kamoto.”
Igaruka ry’abagenerari
Igikenye c’abari mu nzego z’umutekano n’izukwivuna abansi kiguma kigaragara mu nzego nshasha .Inama Nkenguzamateka itwarwa na Gervais Ndirakobuca,afashijwe na Générose Ngendanganya . Lieutenant Générale mu gipolisi Gabriel Nizigama yagenywe kurongora Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, mu gihe Général Major mu gipolisi Léonidas Ndaruzaniye, yaheruka gushirwa mu karuhuko kizabukuru hataragera mu mwaka wa 2024, atwara Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
“N’abantu batugurutse kugira bemere ko abantu bashobora kubana mubudasa bwabo bwa poritike ,ibishobora gutuma haba itsimbatazwa ry’ intwaro ya dyogora duhure”.Amakenga ashikirizwa na Emery Ndayikeza .Abatari bake banegura ko abagero bikomeje babandanya batanga amategeko mu mpisho
Bamwe mubagenywe bagirizwa guhungabanya agateka kazina muntu
Bamwe mubatowe canke mubagenywe mu mabanga baragirizwa ukutihanganiranira muvya poritike,kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’abantu bakaburwa irengero ,gupfungira abantu ubusa hamwe no kubaboreza igufa .
“Murabona mu Nama Nshingamateka ni wawundi nyene yagumye avugwa mu mabi menshi mubuseruko bushira uburaruko mu mwaka wa 2012 Shabani,ubu yabaye Umushingamateka, none nk’uyo azoserukira nde? Uko niko Nolasque Nduwimana yibaza.
Rosalie Nahimana yongerako ati: “Mbega abakoze amabi bazoca bahinduka ngo n’uko bashizwe mu Nama Nshingamateka ?”
Kubw’izi mpunzi kuduza abantu mwe nabo aho kubahana bibaha ahubwo inguvu zo kubandanya bakora amabi .
Ubutunzi bw’igihugu bugeze ahanyerera hanyuma mubagenywe hakaba harimwo abahinga bake
Inzego nshasha zitanguye amabanga mu gihe ubutunzi bw’igihugu bugeze habi: ubukene, ibiturire,ubukene bw’ivyankenerwa buguma bwisubiriza,icikagurika ry’amatara n’amazi. Aha impunzi zikagira amakenga kubushobozi bwabagenywe kugira bashobore guhangana nivyo bibazo.
“Ndavye abagize Reta ntabahinga barimwo bashobora kwicara ngo batange umuti urama kubibazo bihari muri kino gihe .” ibishikirizwa na Emery Ndayikeza.
Ibintu biza vyunyurwa n’imigenderanire itafashe neza n’abahoze bafasha muvy’ubutunzi ,mbere ibintu bikaba bishobora nukubandanya vyunyuka ,umuntu afatiye kuri kahise kabari muri iyo Reta .
Muri make :Ntacizere ca kazoza
Kubatari bake mu mpunzi twaganiriye,bashiriza ko inzego ziheruka gushingwa inyuma y’amatora atacizere na gitoya zitanga cimpundaka . Jacqueline Habonimana abona ko “zashizweho kugira zikorere inyungu z’umugambwe gusa .Ndavye izo nzego zabatswe n’umugambwe utagira ikinya,sinshobora kugira icizere na gitoya .”
________________________________________________
Isanamu : Abashikiranganji 13 ba Reta nshasha ya 2025_2030 bakikije Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye.