Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Impunzi z’abarundi, ntacizere zifitiye inzego nshasha zavuye mu matora yo 2025

    Impunzi z’abarundi, ntacizere zifitiye inzego nshasha zavuye mu matora yo 2025

    0
    By BURUNDI FACTS on 13 August 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Inyuma yaho hatunganirijwe amatora kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025,amatora yaranzwe n’ubusuma, inzego zatorewe ikiringo co kuva mu 2025_2030 zaramaze kujaho. Reta igizwe n’abashikiranganji 13, arongowe n’umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yarashinzwe. Ariko abatari bake mu mpunzi z’abarundi amakenga ni menshi. Izo mpunzi zibonako ata mpinduka zokwitegwa Ku gihugu  kuko poritike izoguma ari nk’iyahahora.

    Impunzi twaganiriye zihuriza ku kintu kimwe :inzego nshasha zose zavuye mu matora yaranzwe n’ikumira ,ata guhiganwa vyukuri kurimwo.Umugambwe CNDD_FDD,ari nawo uri k’ubutegetsi,bisa nk’uko watunganije wongera witabira amatora wo nyene

    Daniel Ngendakumana afasha abakenyezi bibaruka akongera akaba n’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi (MIJB), avuga ko ivyabaye ari “inkinamico y’amatora,ikiringo caranzwemwo iterabwoba hamwe n’iyugarwa ry’urubuga rwa poritike”.

    Na Emery Ndayikeza asanzwe ari impunzi kuva muri 2016 n’uko nyene abibona ,akagira ati :”Inama Nshingamateka,Inama Nkenguzamateka hamwe n’aba musitanteri  bose bakomoka mu mugambwe umwe “,umugambwe umwe kubwiwe unigiye mu menshi intwaro rusangi ,kandi washizeho intwaro y’igikenye .

    Jacqueline Nduwayezu, umwigisha w’impunzi mw’ikambi y’ impunzi i Mahama mu gihugu c’Urwanda, abona ko “izo nzego ari ingorane ikomeye kuri demokarasi hamwe no kubarundi “.Akibutsa yuko “gutorwa ijana kw’ijana bidasigura yuko abantu bose bayoboka imigambi washize imbere nk’umugambwe” ,arongera akanegura ubwoba bwugarije abarundi muri rusangi muri  kino gihe .

    Amasura yababandi nyene aguma agaruka

    Igaruka ryabamwe mubahora mu mabanga kandi vyagaragaye ko atabushobozi n’ubumenyi bafise rirateye amakenga .

    Nolasque Nduwimana, impunzi y’umurundi iba mu gihugu c’Ubuganda inyuma y’imyaka umunani yamaze mu gihugu ca Tanzaniya arerekana amakenga kuri bamwe mubasubiriye kwizerwa mu mabanga akavuga ati: “Ni wawundi nyene Ndabirabe,aguma ateza impari agarutse. Igihe cose yamaze ari Umushikiranganji wa mbere , umukuru w’Inama Nkenguzamateka wubu ,ntakajambo nakamwe yigeze akura mukanwa kubibazo vyugarije igihugu .. N’imbere y’Inama Nshingamateka, ibibazo vyose yagerageje kuvyikurako kandi biri muvyo ajejwe .”

    Igenwa rya Chantal Nijimbere mubushikiranganji bwo kwivuna abansi naryo nyene rirateye amakenga abakenyezi bari mu buhungiro hanze y’igihugu, Rosalie Nahimana, yanonosoye ivyuburimyi ubu ari i Kigali,abonako “ibijanye n’ubushobozi bitigeze vyisungwa.”

    Jacqueline Habonimana yize ivy’inyifato asanzwe aba nawe nyene i Kigali wewe ariyumvira gushika kure akagira ati: “Kugena umukenyezi atigeze ahonyoza ikirenge mu gisirikare, ni ukugira abe nk’igishusho gusa kandi ivyo biza bitesha agateka umukenyezi.”

    Yamara hari n’abandi babona ko ari intango yo kwugurura :kugena umutwa mukibanza vy’umushikiranganji w’ubutungane,igenwa ry’abakiri bato mu bibanza vy’ubuhinga nko mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe n’amasoko ntanganguvu n’ubutare ,canke igenwa rya Lydia Nsekera mubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama .Ariko Rosalie  Nahimana agira ati :”N’ubwo indya zoba zimota neza ,igihe cose uzozirira mw’isahani icafuye ,ntuzokwigera wumva ako kamoto.”

    Igaruka ry’abagenerari

    Igikenye c’abari mu nzego z’umutekano n’izukwivuna abansi kiguma kigaragara mu nzego nshasha .Inama Nkenguzamateka itwarwa na Gervais Ndirakobuca,afashijwe na Générose Ngendanganya . Lieutenant Générale mu gipolisi Gabriel Nizigama yagenywe kurongora Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, mu gihe Général Major mu gipolisi Léonidas Ndaruzaniye, yaheruka gushirwa mu karuhuko kizabukuru hataragera mu mwaka wa 2024, atwara Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

    “N’abantu batugurutse kugira bemere ko abantu bashobora kubana mubudasa bwabo bwa poritike ,ibishobora gutuma haba itsimbatazwa ry’ intwaro ya dyogora duhure”.Amakenga ashikirizwa na Emery Ndayikeza .Abatari bake banegura ko abagero bikomeje babandanya batanga amategeko mu mpisho

    Bamwe mubagenywe bagirizwa guhungabanya agateka kazina muntu

    Bamwe mubatowe canke mubagenywe mu mabanga baragirizwa ukutihanganiranira muvya poritike,kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’abantu bakaburwa irengero ,gupfungira abantu ubusa hamwe no kubaboreza igufa .

    “Murabona mu Nama Nshingamateka ni wawundi nyene yagumye avugwa mu mabi menshi mubuseruko bushira uburaruko mu mwaka wa 2012 Shabani,ubu yabaye Umushingamateka, none nk’uyo azoserukira nde? Uko niko Nolasque Nduwimana yibaza.

    Rosalie Nahimana yongerako ati: “Mbega abakoze amabi bazoca bahinduka ngo n’uko bashizwe mu Nama Nshingamateka ?”

    Kubw’izi mpunzi kuduza abantu mwe nabo aho kubahana bibaha ahubwo inguvu zo kubandanya bakora amabi .

    Ubutunzi bw’igihugu bugeze ahanyerera hanyuma mubagenywe hakaba harimwo abahinga bake

    Inzego nshasha zitanguye amabanga mu gihe ubutunzi bw’igihugu bugeze habi: ubukene, ibiturire,ubukene bw’ivyankenerwa buguma bwisubiriza,icikagurika ry’amatara n’amazi. Aha impunzi zikagira amakenga kubushobozi bwabagenywe kugira bashobore guhangana nivyo bibazo.

    “Ndavye abagize Reta ntabahinga barimwo bashobora kwicara ngo batange umuti urama kubibazo bihari muri kino gihe .” ibishikirizwa na Emery Ndayikeza.

    Ibintu biza vyunyurwa n’imigenderanire itafashe neza n’abahoze bafasha muvy’ubutunzi ,mbere ibintu  bikaba bishobora nukubandanya vyunyuka ,umuntu afatiye kuri kahise kabari muri iyo Reta .

    Muri make :Ntacizere ca kazoza

    Kubatari bake mu mpunzi twaganiriye,bashiriza ko inzego ziheruka gushingwa inyuma y’amatora atacizere na gitoya zitanga cimpundaka . Jacqueline Habonimana abona ko “zashizweho kugira zikorere inyungu z’umugambwe gusa .Ndavye izo nzego zabatswe n’umugambwe utagira ikinya,sinshobora kugira icizere na gitoya .”

    ________________________________________________

    Isanamu : Abashikiranganji 13 ba Reta nshasha ya 2025_2030 bakikije Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye.

    Related Posts

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.