Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Iyugururwa ry’ibikorwa vy’Inama Nshingamateka mu Kigobe:Isasa ry’abashikiranganji batatu ryoba rinyuranye n’amategeko ?

    Iyugururwa ry’ibikorwa vy’Inama Nshingamateka mu Kigobe:Isasa ry’abashikiranganji batatu ryoba rinyuranye n’amategeko ?

    0
    By BURUNDI FACTS on 1 August 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ibikorwa vya mbere vy’abashingamateka baheruka gutorwa (2025_2030) vyarabaye kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 21 Mukakaro 2025 . K’urutonde rw’ivyirwa n’abo bashingamateka batowe kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025, hakaba hariko ingingo zibiri gusa: Itorwa ry’abagize biro hamwe n’ugutora itegeko ringenga Inama Nshingamateka.Yamara muri iryo sasa hari icateye amakenga: isasa ry’abashikiranganji batatu baheruka gutorwa nk’abashingamateka kandi gushika ubu bakiri mu mabanga, ivyatumye bamwe bibaza nyimba isasa ry’abo ridahonyanga amategeko.

    Abo bashikiranganji batatu Martin Niteretse (umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi n’umutekano), Alain Tribert Mutabazi (umushikiranganji wo kwivana abansi nogukurikirana  abahoze ku rugamba ) na Gervais Abayeho (umushikiranganji w’urwaruka ,inkino  imicokama n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseeuko) ,bose bakaba bari bitabiriye ivyo bikorwa vy’Inama Nshingamateka.

    Ico Ibwirizwa Shingiro rivuga

    Ingingo ya 142  yo mw’Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018 irabivuga neza: «Amabanga y’abashikiranganji ntabangikanywa n’ayandi mabanga y’igihugu, imyuga canke imirimo y’abashingamateka n’abakenguzamateka .»

    Ingingo y’160 yoyo ivuga ko :«Umushingamateka canke Umukenguzamateka agenywe kuba Umushikiranganji canke agashingwa amabanga y’igihugu atabangikanywa n’amabanga y’abashingamateka n’ayabakenguzamateka akavyemera ntasubira gusasa mu Nama Nshingamateka canke mu Nama Nkenguzamateka kandi aca asubirizwa n’uwumukurikira k’urutonde rw’abitoje .

    Umushingamateka canke Umukenguzamateka ashinzwe ayandi mabanga nk’uko bitegekanijwe mu gahimba ka mbere k’iyi ngingo, aca asubira mu mabanga yiwe kuva aho icabimubuza kiviriyeho iyo ikiringo yatorewe kitararangira.»

    Ariko rero, abo bashikiranganji batatu bavugwa ntibigeze batanga imihoho, canke ngo basubirizwe mu mabanga bari bajejwe muri Reta umusi w’isasa.

     

     

    Ibwirizwa rigenga amatora riratomoye

    Ibwirizwa rigenga amatora rirashimangira ukwo kutinjiraniranira kw’amabanga .Ingingo y’118 ivuga iti:«Kiretse abigisha bo muri kaminuza, uwutorewe kuba umushingamateka ntarekuriwe gushingwa ayandi mabanga yose ya Reta, canke ahandi hose ashobora kwitoza .Umuntu wese atowe aca ashikiriza amabanga yandi yose ya Reta yarasanzwe arimwo .»

    Kubw’umunyamategeko Audace Havyarimana, agira ati :« uko ibintu biri uno munsi ntaworeka kugira amakenga :Igihe bariko baraba abashashe ,Inama Nshingamateka yari gukwirikirana uko ibintu biri na cane cane ko amategeko atahonyanzwe .»

    Arongera akagira ati inararibonye mu myaka, Joachim Barutwanayo, yarahagarariye ibikorwa, yabwirizwa kuraba neza ko abitavye bose baje hisunzwe amategeko agenga isasa ry’Inama Nshingamateka.

     

    «Umuntu atowe ategerezwa guhitamwo hamwe aguma  mubisanzwe .Ahisemwo kuja mu Nama Nshingamateka yategerezwa guca atanga imihoho muri Reta .»

    Insiguro yo kwihagararako ariko idafashe

    Umusesanguzi atashimye ko tumuvuga izina , wewe arashigikira  abo bashikiranganji batatu :Kubwiwe ,uwatowe wese atitavye inama ya mbere mu gihe adafise impavu zifadika aca atakaza ikibanza ciwe c’ubushingamateka .«Ni ukuvuga ko rero ata mategeko yahonyanzwe .» ,ariko aragwa akagaruka :«Ariko  ntibaheza ngo bagaruke gusasa ubugira kabiri mu gihe batarava muri Reta .»

    Yamara,abo bashikiranganji nyene barasubiriye barasasa ku ncuro igira kabiri kuwa 29 Mukakaro .

    Muri make

    Amategeko aratomoye :umuntu atowe kuba Umushingamateka ntarekuriwe gusasa igihe cose aba akiri mu mabanga y’ukuba umushikiranganji .Mukwubahuka kwitabira ibikorwa vy’Inama Nshingamateka incuro zibiri zikurikirana ,abashikiranganji Martin Niteretse,Alain Tribert Mutabazi na Gervais Abayeho bahonyanze Ibwirizwa Shingiro n’itegeko rigenga amatora .Inama Nshingamateka yari kuba yahagaritse isasa ryabo kuva ibikorwa bigitangura .

    ________________________________________________

    Ifoto : Isasa rya mbere ry’Inama Nshingamateka ya 2025_2030, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigoba yo 28 Mukakaro 2025.

    Related Posts

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.