Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Ukwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza mu Burundi : ingingo igoye gushira mu ngiro umuntu afatiye kukuri kwuko ibintu vyifashe muri kino gihe

    Ukwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza mu Burundi : ingingo igoye gushira mu ngiro umuntu afatiye kukuri kwuko ibintu vyifashe muri kino gihe

    0
    By BURUNDI FACTS on 1 August 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ku wa 23 Mukakaro 2025, ari i Gitega, umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Iterambere rusangi  n’Umutekano rusangi, yategetse ko ibiciro vyashinzwe na Leta mu bijanye no kwiyunguruza vyo kwubahirizwa  ata n’umwe asigaye inyuma. Yagaragabishije ko uwo wese azofatwa azohanwa bikomeye.Inyuma y’iyo ngingo ivyo ivyokwiyunguruza bikaba vyaciye bihagarara mu gisagara ca Bujumbura no mu zindi ntara. Mbega ko iyo ngingo irafise ishingiro muri kino gihe? Reka turabire hamwe uko ibintu vyifashe.

    Igenekerezo rya 23 Mukakaro,mu nama i Gitega, umushikiranganji Martin Niteretse yagabishije avuga ko umuntu wese atariko yubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza hagiye kubaho imanza z’ikibiriraho hamwe n’ihadabu rigera ku muriyoni mu mafaranga y’amarundi.Iyo ngingo iremezwa n’abajejwe intwaro batari bake kandi yaraciye cane kubinyamakuru bitari bike vya Reta.

    Ibiciro vyashinzwe ariko bigoye gushira mu ngiro

    K’urubuga, abunguruza abantu bemeza ko uko ibintu vyifashe bidakunda ko ingo mwe n’izo zija mu ngiro. Ku gituro ca Cotebu, kimwe mu bituro binini vyo mu gisagara ca Bujumbura,abatwara imiduga yunguruza abantu twavuganye bagira bati:

    .Igitoro camagendo kirarenza ibihumbi 15 kw’iritiro

    .Ubukene bw’igitoro kugiciro kizwi, kubera ko Sopebu igire ikwize ukwezi kurenga idahaye sitasiyo n’imwe.

    Kubera ivyo, amashirahamwe yunguruza abantu yahisemwo guhagarika ingendo .Ibituro nka Cotebu (Bujumbura) na (Zege) bikaba vyari vyuzuye ingenzi zitagira ayo zicira n’ayo zimira.

    Ihagarikwa ry’ibikorwa n’ibigira nkana

    Kubera gutinya ibihano canke uruhombo,abunguruza abantu batari bake bahisemwo guhagarika ibikorwa n’ibigira nkana. Kubwa Charles Ntirampeba avugira ishirahamwe ry’abugunguruza abantu n’ibintu (Atrabu) agira ati:

    ” Abunguruza abantu ntibashaka guhagarika ubuzima bw’igihugu, ariko kandi ntibashobora kwemera kubandanya bakora bahomba .”

    Abiyunguruza nibo bambere bakorwako n’ihagarikwa ry’ibikorwa

    Ihungabana ry’ibikorwa riragira inkwirikizi kubiyunguruza .Amakuru ava mu biyunguruza i Bujumbura n’ai Gitega yemeza ko ibintu bitifashe neza:

    Kuri Cotebu ,abiyunguruza bakaba bari batonze kuva mu gaturuturu.

    I Zege ,bamwe bakaba bari barindiriye ikibunguruza haraheze ikiringo c’imisi itatu,bimwe muvyo bari bafise bikaba vyari vyatanguye kwononekara.

    “Nategerezwa kujana ibiribwa i Bujumbura.Uno musi ,vyatanguye kubora .” umwidogo w’umwe mubadandanza twaganiriye .

    Nta ngingo n’imwe ifashe irafatwa kugira haboneke igitoro

    Kuva ingingo itanganjwe kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro ,nta ngingo iboneka irafatwa (gutanga igitoro kigenewe abunguruza abantu ,kugira haboneke akoyoko) kugira haboneke agahengwe muri ico gisata .

    Igenekerezo rya 13 Mukakaro, Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu  yari yahasavye ko igitoro cokoreshwa neza muri aya majambo :”Igitoro ni nk’amaraso atembere mu mitsi.Abo ataco bariko barakora kugira haboneke amafaranga mvamakungu ntibategerezwa gusaba ibirenze.”

    Ariko ivyo yavuze bikaba vyahereye mu majambo kuko ata ngingo mperekeza zafashwe,n’a cane cane mubijanye n’ingingo ziharije igisata co kwunguruza abantu.

    Mu ncamake

    Ingingo ya Reta isaba iyubahirizwa ry’ibiciro vyashinzwe mu gisata co kwiyunguruza n’iyo.Yamara ,n’ingingo ije mu gihe hagaragara ikina ry’igitoro kuma sitasiyo hamwe n’igiciro kivuna Ku gitoro camagendu.

    Mu gihe ata ngingo mperekeza zirafatwa ,ibihano vyatangajwe vyaje bitanga inyishu ihushanye n’iyari yitezwe :Ihungabana mubijanye no kwiyunguruza,ivyatumye n’ubutunzi buhungabana mu ntara zitandukanye .

    Muri make:

    _Reta nivyo yarashinze ibiciro

    _Ariko mugihe ibintu biri uko biri ,biragoye ko yubahirizwa

    _Ico vyatanze:ihagarikwa ry’ibikorwa ,ibikora kubiyunguruza n’abadandaza.

    Kugira ibintu bifate umurongo harakwiye ingingo zofatwa Reta ibanje kuganira n’abakorera muri ico gisata co kwunguruza abantu n’ibintu .

    ________________________________________________

    Ifoto:Ingenzi zaburaniwe zirindiriye imodoka zitari buronke kuri COTEBU, ingendo zahagaze © DR

    Related Posts

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    13 September 20253 Mins Read

    Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    18 August 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.