Isanamu yerekana umusirikare w’Umurundi yoba yari yambaye ikirato ca gisirikare gitobotse munsi, mu gihe hariko hahimbazwa intahe yo kwikukira ku wa 1 Mukakaro 2025, yatumye abantu batari bake bagira ico bavuze ku mbuga ngurukanabumenyi. Nubwo iyo sanamu yahawe insiguro itari yo, yaratumye hari ibishikirizwa na bamwe na bamwe kandi vyari ivy’ukuri: nk’ivyerekeye itunganywa ritarimwo umuco, hamwe n’ubusumbasumbane mu bijanye n’ibikoresho mu gisirikare c’Uburundi (FDN).
Mu gihe Uburundi bwahimbaza intahe yo kwikukira ku ncuro ya 63, kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2025, nk’uko bisanzwe no mu yindi myaka, kimwe mu vyari birindiranywe igishika cari défilé y’agakura y’abasirikare. Kimwe mu vyavugishije abatari bake ni isanamu yafashwe, yerekana umusirikare ariko arerekana ubumenyi n’ubuhanga, ukuguru kudugije cane imbere y’abanyacubahiro bari aho.
Ubwa mbere, benshi mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi baratangajwe n’ubutwari bw’uwo musirikare. Yamara inyuma y’aho, hagiye hakwiragira iyindi sanamu yerekana ko ikirato ciwe cari gitobotse munsi. Iyo sanamu yakwirikiwe n’amajambo atari make, aho abandika banegura cane ingene ababijejwe bafata minenerwe ibijanye no gutanga ibikoresho ku ngabo z’Uburundi.
Ariko, inyuma y’isuzuma twakoze , insiguro zagiye ziratangwa hafatiwe kuri iyo sanamu ntizifashe. Isanamu y’ukuri yashizwe ahabona n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu, ku rubuga rwa X, ntihigeze hagaragara ko ikirato cari gitobotse. Birashoboka ko vyoba vyatewe n’agatutu canke igipfungu catumye ishusho igaragara uko atari yo, hanyuma bagaha iyo sanamu insiguro itari yo.
Umusi mukuru wo kwikukira witonderwa neza, ariko uterekana ubuzima bw’ukuri bwa minsi yose
Umwe mu basirikare bakuru bari mukaruhuko kizabukuru twaganiriye, yadusiguriyeko itegurwa ry’umusi mukuru wo 1 Mukakaro ritunganywa neza cane, ati:
“Abasirikare batorwa kugira bazitabire ibirori bamara indwi zitari nke bitegura. Muri rusangi, abazokwitabira défilé bahabwa umwambaro mushasha wa gisirikare, canke nimiburiburi uwugisesuka, kuko uriya musi uba ari akaryo ko kwerekana ishusho nziza y’igisirikare imbere y’abanyagihugu n’abashitsi b’iteka.”
N’ubwo biri uko, arongera akavuga ko atwovuga ko aribwo buzima bw’ukuri bwa minsi yose.
“Uretse ivyo birori ku rwego rw’igihugu, hari abasirikare — na cane cane abakorera kure canke mu bice birimwo umutekano muke — baba bambara imyambaro ishaje.”
Uwo musirikare atanaga akarorero k’abari mu kiyaya ca Rukoko, bahabwa ibirato vyitwa “ingamira”, vyoba birinda amazi arangwa muri ico gice. Ati:
“Itangwa ry’ibikoresho rirabaho, ariko rirangwamwo ubusumbasumbane hamwe n’igipfungu.”
Igisata c’ibikoresho ntikirimwo umuco kubera ibiriko birakorerwamwo biteye amakenga
Uwo musirikare ari mukiruhuko c’izabukuru yabandanije avuga ko uko ibintu bitunganijwe mu bijanye no kwegeranya ibikoresho mu gisirikare, birimwo ibiturire n’akamwana wa mama.
“Kugira utsindire isoko y’imyambaro y’abasirikare, utegerezwa kuba ushigikiwe n’igihangange mu mugambwe uri ku butegetsi. Ibiturire vyariraye, bituma imyambaro igurwa idafise ubukomezi, canke bagahindura ibiciro bakabiduza.”
Ku bwiwe, imyambaro itari mike ibikwa mw’ikambi ya Base iri ku Musaga, hafi y’iyindi ikambi y’abasirikare b’abahinga mu gukoroka mu ndege. Aho habikwa impuzu zitandukanye, harimwo iz’urugamba, iz’imyimenyerezo canke n’izindi mpuzu zambarwa n’abasanzwe bari mu makambi adasanzwe.
Yamara, kubona ivyo vyambarwa bibikwa hamwe biratera amakenga.
“Ukuntu ivyo vyambarwa bitangwa nta muco urimwo kandi rimwe rimwe n’abasirikare ubwabo ntabubasha baba babifiseko .”
ubundi buryo umuntu ashobora gufatirako akarorero mu karere
Mu rugendo rw’akazi yagize muri Somaliya mu 2012, uwo musirikare yavuze ko yakuyeyo icigwa afatiye ku gisirikare c’Ubuganda.
“Abasirikare ubwabo barigurira impuzu za gisirikare mu mazu y’ubudandirizo yiharije arekuriwe kudandaza iyo myambaro.Aha ariko harahezwa hagategekanywa amahera arengako kuyo bahembwa agenewe ico .Ivyo bituma ata musirikare yemerewe kwambara imyambaro ishaje canke itabutse.”
Ivyashikirijwe vyemezwa n’umusirikare w’Uburundi w’ipete rya lieutenant, aheruka gukarisha ubwenge mu gihugu ca Kenya.
“Naho nyene,umusirikare wese niwe abajejwe ivyambarwa vyiwe .Biraheza bigatuma kunyonora bigabanuka hanyuma kandi umwe wese akumva ko afise uruhara kugira ibintu bigende neza.”
Ivyo vyose vyerekana ikibazo kiri mu ntunganyo y’ivyambarwa
N’ubwo iyo sanamu yatumye aba nabariya bagira ico bashikirije idasigura ko koko uyo umusirikare yari yambaye ikirato gitobotse ,ivyagiye biravugwa kubijanye n’imyambaro y’abasirikare b’Abarundi ntibisigura ko bidafise ishingiro .Ivyo bikagaragarira ukuntu gushika ubu bigaragara ko hakiri agahaze kubijanye no gutanga ivya nkenrwa mu basirikare b’ababarundi harimwo imyambaro kuko bigaragara ko ata muco kandi harimwo aka mwana wa mama .
Muri make umuntu yofata ko ivyagiye birashikirizwa n’aba n’a bariya kubijanye n’iyo sanamu vyari bikenewe kuko ibijanye n’imyambaro y’abasirikare bikunze kugaragara gake mubiyago rusangi ,na cane cane ibijanye n’ukuntu ibikoresho bihabwa abategerezwa kuba babigenewe mu rwego rwo kwivuna umwansi .
______________________________________________
Ifoto : Ifoto y’umusirikare w’Uburundi yafashwe kuwa 1 Mukakaro 2025 © DR