Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Sunday, 1 March 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Iyicwa ry’abihebeye Imana mu Burundi

    Iyicwa ry’abihebeye Imana mu Burundi

    0
    By Burundi Facts on 10 July 2024 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Iyicwa ry’abihebeye Imana mu Burundi mu myaka ya 1972-1973 no mu mwaka wa 1993 ntirihurizwako na bose

    Ikinyamakuru ngurukanabumenyi Ikriho caremeje ko igitigiri giteye ubwoba c’abihebeye Imana bishwe mu myaka ya 1972-1973 na 1993 mu Burundi, nk’uko bimenyeshwa n’Umurwi wo Kumenyesha Ukuri no Kurekuriranira (CVR).

    Ayo makuru agamije ukudafatwa kumwe mu vyerekeye ubwoko biratuma havyuka ibibazo bijanye no kwizera isoko ryayo. Burundi Facts yarakoze amatohoza.

    Itariki 24 Rusama 2024, ikinyamakuru ngurukanabumenyi Ikiriho carashize ahabona ku rubuga X  cemeza  igitigiri giteye ubwoba c’abihebeye Imana bishwe mu rwimo rwo mu myaka 1972-1973 no mu mwaka wa 1993 mu Burundi, gifatiye ku bitigiri vyatanzwe n’Umurwi wo Kumenyesha Ukuri no Kurekuriranira (CVR). Iyo nkuru irerekana ubusumbasumbane buhambaye bujanye n’ibitigiri vy’abihebeye Imana bishwe kubera ubwoko bwabo, na cane cane ubusumbasumbane bukomeye buvuga igitigiri kinini c’abahutu  bishwe ugereranije n’igitigiri c’abatutsi bapfuye.

    Umwihwezo ku vyabaye muri kahise

    Ivyo bihe vy’ubwicanyi vyarakoze cane ku buzima bw’abarundi. Ubwicanyi bwo mu myaka ya 1972-1973 no mu rwimo rwo mu 1993 vyaranzwe n’umubabaro nta ngere muri kahise k’Uburundi, vyaragaragajwe n’imishamirano ifatiye ku bwoko no kuri politike. Mu gutegura neza uyo mwihwezo ku vyabaye muri kahise n’inkurikizi zabaye, ni ngombwa ko bikorwa neza ata guhengama.

    Ugusuzuma amasoko y’ibinyamakuru

    Burundi Facts yaregereye Umurwi CVR, uvugwa muri Twita (Tweeter) y’ikinyamakuru IKIRIHO, kugira ironke icegeranyo ku vyo uwo mugwi washitseko.  Umurwi CVR wayirungitse ku cegeranyo gipfunyapfunye, cerekana ko icegerenyo ca nyuma kiriko kirakorwa ngo kirangire.  Umurwi waramenyesheje ko amatohoza ku vyerekeye urwimo rwo mu 1988 no mu mwaka wa 1993 akibandanya kandi atarahera.

    Mu bijanye n’urwandiko rukoreshwa n’ikinyamakuru IKIRIHO, Komiseri Aloys Batungwa yamenyesheje ko impapuro zisunzwe ziri mu gitabu citwa : Na bone ni abaronderwa » canditswe na Fr Nono Contran tukaba twararonse impapuro nkeyi zaco. Umwihwezo w’impapuro twaronse zarerekanye amazina 21 z’abihebeye Imana bishwe mu myaka ya 1972-1973 n’abandi 13 mu mwaka wa 1993. Muri bo, umusenyeri mukuru w’ico gihe umwe (1) w’umututsi n’abihebeye Imana cumi na babiri (12) b’abahutu barerekanywe,  ariko  mu mwaka wa 1972-1973, abihebeye Imana babiri (2) b’abatutsi na cumi n’icenda (19) b’abahutu nibo bapfuye.

    Intambamyi zituma haba ukutizerwa

    Igitabu camenyeshejwe n’ikinyamakuru IKIRIHO ntivyoroshe kukironka naho twagerageje kenshi ukugene twogishikira. Ikindi naco, ibitigiri vyatanzwe muri ico gitabu harimwo ibinyoma. Uko kudashikirwa hamwe n’ivyo binyoma bivugwamwo, birabangamira ukwizerwa kw’amakuru yashikirijwemwo. Ivyo birashimangira akamaro ko gusuzuma neza cane amasoko y’inkuru imbere yo kuyakoresha nk’urufatiro.

    Ugusozera

    Birakenewe cane ko ivvo bibazo vyokorwa mu buryo bwimbitse ata mahinyu na cane cane ko ari ibintu vy’inkoramutima kandi bifise inkurikizi zishobora kwaduka mu Burundi. Ivyemezo vy’ikinyamakuru IKIRIHO birakenewe ko haba isuzuma ryimbitse n’umwihwezo ku vyabaye kugira guhuvya abantu vyiyamirizwe.

     

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.